Uko wahagera

Amakungu Aravuga iki ku Gitero ca Amerika kuri Siriya?


Ibihugu vy’ibulaya bicuditse na Reta zunze ubumwe za Amerika bivuga ko bishigikiye ibitero ingabo z'Amerika zakoze mu gihugu ca Siriya mw’ijoro buca ari kur’uyu wa gatanu. Reta ya Amerika yafashe ingingo yo gukora ivyo bitero ari yonyene.

Umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi, Mihael Fallon, uyu musi ku wa gatanu yavuze kw’igihugu ke gishigikiye ivyo bitero.

Igihugu c’Ubudagi naco nyene, catangaje ko kibishigikiye. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ico gihugu bujejwe imigenderanire Sebastian Fischer yabwiye abamenyeshamakuru kw’ata muntu n’umwe yovuga kw’uburyo bwose bwo kubuza gukoresha ibigwanisho vy’ubumara, butari bwageragejwe.

Umushikiranganji w’igihugu c’Ubufaransa ajejwe imigenderanire Jean –Marc Ayrault, yavuze kw’ibigwanisho vy’ubumara biteye agahinda kandi ar’icaha co mu ngwano, aricaco gituma ababiikoresha bose bakwiye guhanwana bimwe vy’akarorero.

Igihugu ca Arabiya Sawudite cavuze kw’ingingo Perezida Trump yafashe ar’ingingo yerekanye ubutwari.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israeli Benjamin Netanyahu, yavuze kw’ingingo ya Amerika yo gutera muri Siriya, ariyo ikwiye guhana ivyaha vy’agahomera bunwa vyakozwe na Reta ya Assad. Yongeye avuga kw’ingingo nk’iyo, izobera akarorero n’ayandi mareta arimwo, Koreya ya ruguru hamwe na Irani.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe, yavuze ko reta yiwe ishigikiye ingingo yafashwe na Amerika, kuko ishobora kubuza kw’ibintu biyangara kurushiriza.

Ubushikiranganji bw’igihugu c’Ubushinwa bujejwe imigenderanire bwateye akamo impande zose kazisaba gutora inyishu iciye mu biganiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG