Uko wahagera

Tillerson Asaba ko Prezida wa Siriya Yokinjura


Prezida Bashar al-Assad wa Siriya

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu, Rex Tillerson yatangaje ko Prezida Bashar al-Assad wa Siriya akwiye kuva k’ubutegetsi inyuma y’igitero c’ivyuka vy’ubumara cabaye k’umunsi wa kabiri, kigahitana abantu ijana, n’abashika ku majana atatu na mirongo itanu basinzikajwe n’ivyo vyuka.

Tillerson avuga ko mu gihe Prezida Assad yokinjura vyofasha amakungu gutuza umuhari wa Reta ya kisilamu, kandi ko vyogarukana umutekano muri Siriya. Mw’ijambo yashikirije, ryahinduye uburyo Amerika isanzwe ibona ikibazo ca Siriya, Tillerson yavuze ko Prezida Assad ata ruhara na rumwe yosubira kugira m’ukurongora abanyagihugu ba Siriya.

Ijambo nk’iryo ryashikirijwe kandi na Prezida Donald Trump, kur’uyu wa kane.

Wallid Moallem, umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Siriya n’ayandi makungu yahakanye ko ata bigwanisho vy’ubumara vyakoreshejwe. Moallem atanga insiguro nk’iy’Uburusiya, akavuga ko ibitero vy’indege bitakozwe ku nyubakwa z’ibitaro, yamara ko vyabaye ku nzu y’ububiko bw’ibikoresho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG