Uko wahagera

Somaliya: Abantu 20 Baguye m'Umutego wa Mine


Abanyesomaliya bahagaze ahahejeje gupfira abantu bari mu modoka, yatezwe n'igisasu ca mine
Abanyesomaliya bahagaze ahahejeje gupfira abantu bari mu modoka, yatezwe n'igisasu ca mine

Muri Somaliya abantu bashika kuri mirongo ibiri baguye mu gitero cabereye mu modoka yo mu bwoko bwa bisi, yaciye k’umutego wa mine, kur’uyu wa kane, nk’uko vyatangajwe n’abanyagihugu hamwe n’abajejwe intwaro. Iyo mpanuka yabereye hirya y’igisagara citwa Golweyn, igihe iyo bus yagana mu gisagara ca Marka, nk’uko vyatangajwe n’icegera ca Buramatari w’intara ya Lower Shabelle, Ali Nuur-Mohamed.

Uyo mutegetsi avuga ko uwo mutego ushobora kuba wari watezwe n’umugwi al-Shabab, mu ntumbero yo gutega umutego abasirikare b’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika. Mohamed avuga ko iyo modoka yarimwo abantu mirongo ibiri n'umwe, umushoferi wayo akaba ariwe wenyene yarokotse.

Inteko z’Ubumwe bwa Afrika, AMISOM, zifise ibirindiro bitari bike mu ntara ya Lower Shabelle, ibisagara vyayo bikaba biri mu minwe ya al-Shabab. Uwo muhari wagiriza abo basirikare kw’aribo batega iyo mitego, kandi kw’aribo bica abanyagihugu. Tubibutse ko al-Shabab iri mu ntambara yo gutsimbataza igisata cayo ca isilamu aho muri Somaliya kuva mu bihumbi bibiri na gatandatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG