Uko wahagera

Amerika Yakoze Ibitero vya Misile muri Siriya


Ibigwanisho vya Amerika mw'Ibahari Mediterane
Ibigwanisho vya Amerika mw'Ibahari Mediterane

Ibinyamakuru vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyatangaje k’umugoroba wo kur’uyu wa kane, ko Amerika yakoze ibitero vya misile muri Siriya, mu ntumbero yo guhora ibitero vy’ubumara vyakozwe na Prezida Bashar al-Assad bigahitana abanyagihugu ijana, k’umunsi wa kabiri.

Ivyo bitero vya misile zirenga mirongo itanu, bibaye ivya mbere Amerika ikoze ku basirikare ba Siriya, bikaba vyakozwe n’abasirikare ba Amerika, basanzwe bagwanira mu mazi. Bivugwa ko izo misile zatewe ahari ikibuga c’indege, m’uburaruko bwa Siriya.

N’ibitero bibaye inyuma y’aho Prezida Donald Trump, hamwe n’abajejwe umutekano w’Igihugu hano muri Amerika, bari bagabishije kur’uyu wa kane ko hategerezwa kugira igikozwe aho muri Siriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG