Uko wahagera

Amerika Iragabisha Abanyagihugu Bashaka Kuja muri Kenya


Raila Odinga umenyepolitike akomeye atavuga rumwe na Reta ya Kenya
Raila Odinga umenyepolitike akomeye atavuga rumwe na Reta ya Kenya

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagabishije Abanyamerika baba canke bashaka kuja mu gihugu ca Kenya ko hashobora kwaduka uruhagarara n’ubwicanyi muri ico gihugu imbere y’amatora ategekanijwe kw’italiki umunani z’ukwezi kw’umunani muri ico gihugu.

Mw’itangazo rigabisha Abanyamerika kutaja mu gihugu ca Kenya ryasohowe uno musi ku wa kane, ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwatangaje kw’amakoraniro n’imyiyerekano, naho vyoba biriko biba mu mahoro, bishobora kuvamwo uruhagarara n’ubwicanyi.

Iryo tangazo ryongeye rimenyesha kw’inkozi z’ikibi canke abagira iterabwoba bashobora gutera abari mu myiyerekano canke abashitsi mu gihugu.

Raila Odinga umunyepolitike akomeye atavuga rumwe na Reta ya Kenya, yaragabishije mu kwezi kwa kabiri ko hashobora kuba imyiyerekano ikomeye hamwe ibivuye mu matora yimirije vyohindurwa.

Igihugu ca Kenya caranzwe n’uruhagarara rwa politike mu myaka ya vuba.

Mu mwaka w’i 2007, abantu barenga igihumbi n’amajana abiri barishwe inyuma yuko imyiyerekano ifatiye ku matati y’ivyavuye mu matora ivuyemwo ubwicanyi bufatiye ku bwoko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG