Uko wahagera

USA: Trump Arabonana na Xi Jinping


Donald Trump na Xi Jinping W'Ubushinwa
Donald Trump na Xi Jinping W'Ubushinwa

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump arakira uno musi ku wa kane, perezida w’Ubushinwa, Xi Jinping mu kibanza ciwe c’ukuruhukiramwo, ca Mar-a-Lago, muri Reta ya Florida mu nama y’imisi ibiri hagati y’abo bategetsi babiri.

Trump yiteze kuremera Ubushinwa kugira bukore kurushiriza mu mugambi w’ukuhimiriza Koreya ya ruguru kugira ihebe gukora ibirwanisho ruhonyanganda.

Trump yaragabishije muri iyi ndwi ko niyo Ubushinwa butotorera inyishu ikibazo ca Koreya ya ruguru, Amerika izovyikorera yonyene ubwayo.

Reta yiwe iriko yiyumvira gufatira ibihano amabanki n’amasosiyete y’igihugu c’Ubushinwa yorohereza Koreya ya ruguru mu bijanye n’amafaranga.

Ubushinwa buha Koreya ya ruguru ibikenewe nka vyose mu mugambi wayo w’ugukora ibirwanisho ruhonyanganda.

Ibihano bitari bike ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryafatiye Koreya ya ruguru vyarananiwe kubuza ico gihugu kugerageza misile.

N’ubwa mbere Trump na Xi, bayoboye ibihugu bibiri bikomeye cane kurusha ibindi kw’isi mu vyerekeye ubutunzi, babonana.

Bitegekanijwe kandi kw’abo bategetsi babiri baganira kandi ibibazo vyerekeye ubutunzi ejo ku musi wa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG