Uko wahagera

CAF Ishobora Gukinwa Hagati mu Mwaka


Umuyobozi mushasha w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afurika, CAF, Ahmad Ahmad ariteguriye kwimurira igikombe c’ibihugu vyo muri Afurika hagati mu mwaka.

Mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika, Ahmad Ahmad yatangaje kw’umupira w’amaguru muri Afurika utegerezwa kwisunga inyungu z’ibihugu bigize ishirahamwe CAF. Yasiguye ko mu gihe ibihugu bitari bike vyoba bishaka guhindura ikirangamisi, guhindura uburyo ibintu bitunganijwe muri iki gihe canke kwongereza igitigiri c’imirwi nserukiragihugu ari’ibintu ashobora gushigikira.

Irushanwa ry'gikombe c’umupira w’amaguru c’ibihugu vyo muri Afrika kenshi riba mu kwezi kwa mbere canke ukwezi kwa kabiri. Igihugu ca Gabon cakiye iryo higanwa mu mwaka w’i 2017. Kameruni itegekanijwe kwakira iryo higanwa mu mwaka w’i 2019.

Ahmad Ahmad ava mu gihugu ca Madagascar yatowe kuyobora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu karere ka Afurika, CAF mu kwezi guheze. Yasubiriye umunyakameruni Issa Hayatou yari amaze imyaka 29 ayoboye iryo shirahamwe.

Ahmad Ahmad avuga kw’adategekanya kumara igihe kirekire ayoboye ishirahamwe CAF nkuwo yasubiriye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG