Uko wahagera

ISIS Yakoroye Kajugujugu ya Iraki


Ejo ku musi wa kane abagwanyi b’intagondwa za ISIS baraye barashe bongere barakorora kajugujugu y’igisirikare ca Iraki yari mu birere vy’igisagara ca Mosul.

Mw’itanganzo ryasohowe n’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Iraki, bavuga kw’abo bagwanyi bishe umudereva wiyo kajugujugu hamwe n’abandi bakozi bayo bari bayirimwo.

Iyo kajugujugu yari igiye gufasha abapolisi bariko barafasha mu bikogwa vyo kugwanya ISIS mu burengero bw’ico gisagara ca Mosul.

Iryo ribaye iryambere kajugujugu y’igisirikare ca Iraki ikororewe muri ako karere kari hafi yaho uwo mugwi w’abagwanyi ukorera. Iryo kandi ribaye iryambere igitero nk’ico kibaye kugisirikare ca Iraki kuva gitanguye gufashwa n’umugwi w’abasirikare bashigikiwe na Amerika mu kwigarurira ico gisagara mu kwezi kwa cumi mu mwaka uheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG