Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Iriteguye Guhangana na Amerika


Abasirikare ba Siriya ya Ruguru
Abasirikare ba Siriya ya Ruguru

Koreya ya ruguru iriteguye kwivuna mugihe Reta zunze ubumwe z’Amerika yagisotora. Ivyo vyatangajwe na ambasaderi wa Koreya ya ruguru I Moscou mu Burusiya kur’uyu wa kane.

Yagize ati: "Igisirikare cacu caramaze gutangaza ko mugihe Amerika yohirahira ikadusotora na gatoyi mubihe vy’imyimenyerezo yacu ya gisirikare, turiteguye gukora igitero gikomeye,” Ayo makuru yatangajwe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Uburusiya, Interfax.

Ayo makuru avuga kandi ko Ambasaderi Kim Hyong Jun yongeye avuga ko igihugu ciwe gifise ubushobozi bwo guhangana n’ikintu cose coza giturutse muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG