Uko wahagera

Serebiya: Imyiyamamazo yo Kwiyamiriza Itorwa rya Prezida Vucic


Imyiyamamazo yo kwiyamiriza itorwa rya Prezida Vucic, muri k'umugwa mukuru wa Serebiya, i Belgrade

K'umugabane w'Uburayi, k’umugwa mukuru wa Serebiya, i Belgrade, urwaruka ruharugwa mu bihumbi n’ibihumbi rumaze iminsi ibiri mu myiyerekano yo kwiyamiriza itorwa rya Aleksandar Vucic, yatsindiye amatora y’umukuru w’Igihugu k’umunsi w’Imana. Urwo rwaruka rusaba umugwi ceni gutanga imihoho co kimwe n’abarongozi ba televiziyo y’igihugu hamwe n’umukuru w’inama nshingamateka.

Vucic, yatahukanye intsinzi y’ibice mirongo itanu n'itanu kw’ijana vy’amajwi. Uwumukurikira, Sasha Yankovic, akagira ibice cumi na bitandatu kw’ijana. Vucic avuga ko atazobuza iyo myiyerekano mu gihe ibaye m’umutekano.

Aleksandar Vucic, afise imyaka mirongo ine n'indwi, akaba yahoze ar’umushikiranganji wa mbere wa Serebiya. Imwe mu migambi ashir’imber n’iyerekeye kwinjira mw’ishirahamwe rya Buraya, no gukomeza imigenderanire n’igihugu c’Uburusiya.

Aregwa kuba yaragize uruhara m’ukudurumbanya abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi bwahitanye abantu bashika ku bihumbi umunani, aho muri Serebiya, mu mwaka w'igihumbi kimwe n'amajana icenda na mirongo icenda na gatanu, hamwe n’abasore b’aba isilamu baturuka muri Bosnie, inyuma y’igihe kitari gito avugira ihonyabwoko ryari rimaze imyaka cumi ribaye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG