Uko wahagera

Somaliya: Igitero Kigira Kabiri


Ahabereye igitero muri Somaliya
Ahabereye igitero muri Somaliya

Muri Somaliya, umutegetsi mu gipolisi yatangaje ko k’umugwa mukuru, i Mogadiscio, haturitse igisasu, k’umugoroba wo kur’uyu wa gatatu. Capitaine Aden Hassan, yavuze ko ico gitero cabereye imbere y’iduka, hafi y’ibiro vy’uwuserukira Turukiya, mu ntara ya Hodan.

Umuvugizi mu biro vy’uwujejwe intwaro, mu ntara ya Benadir, Abdifitah Halane, yemeje ico gitero, akavuga ko cakomerekeje umuntu umwe. Yatangaje ko batararonka amakuru yose ajanye n’ico gitero, yamara ko bishoboka ko umugwi al-Shabab ariwo wagikoze.

Ico gitero kibaye inyuma y’ikindi cari cabaye mu gitondo co kur’uyu wa gatatu, cahitanye abantu indwi, congera gikomeretsa abandi cumi na batanu. N’igitero cari cabereye mu nzu y’uburiro ikunda kugenderwa n’abakozi ba Reta hamwe n’abanyamahanga. Bivugwa ko mu bakomeretse harimwo abanyeshure batatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG