Reta zunze ubumwe z’Amerika zizofata ingingo kuri Siriya mugihe ONU itogira ico ikoze kugitero c’imyuka yica cishe abantu 72, harimwo abana 20 mugisagara ca Khan Cheikhoun, mu ntara ya Idleb mu buraruko bushira uburengero bwa Siriya.
Ivyo vyashikirijwe na Nikki Haley aserukira Amerika muri ONU kur’uyu wa gatatu mu nama yihuta y’akanama ka ONU kajejwe umutekano.
Umupfasoni Haley ariko ntiyatomoye neza ivyo bazokora naho Amerika yamye ishikiriza amajambo akomeye nk’ayo ku ntambara yo muri Siriya.
Haley yababajwe nuko Uburusiya bwigira sindabibazwa kuvyabaye asaba ko bukoresha ububasha bufise kuri Siriya muguhagarika ubwo bwicanyi
Uwuhagarariye Uburusiya muri ONU yemeye ko hakwiye kuba amatohoza ataho yegamiye kuvyabaye.
Facebook Forum