Uko wahagera

EAC Yanse Gusinya Amesezerano y'Ubudandaji n'Uburayi


Abashikiranganji b'ibihugu bigize EAC, Arusha
Abashikiranganji b'ibihugu bigize EAC, Arusha

Umuryango w’Afrika y’ubuseruko wanse gusinya amasezerano yo guhanahana ibidandazwa n’ibihugu vya Bulaya azwi nka EPA.

Inama nshikiranganji ya EAC isigura ko ibidandazwa biva I Bulaya vyohava bituma amahinguriro yo mur’ako karere ahomba ayandi akugara kuko vyoba vyinjiye bitarishe amakori n’amatagisi.

Amasezerano ya EPA n’amasezerano yo guhanahana ibidandazwa hagati y’umuryango w’Afrika y’ubuseruko EAC n’umuryango w’ibihugu vya Bulaya.

Harimwo kandi no gukuraho amakori n’amatagisi ku bidandazwa bikorerwa mu bihugu bigize iyo miryango yompi.

Ayo masezerano n’uburyo kandi bwo gufasha ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere kuronka imfashanyo za Bulaya.

Naho bir’uko, u Rwanda na Kenya vyaramaze gushira umukono kur’ayo masezerano kuva m’ukwezi kw’9 umwaka uheze wa 2016.

Umushikiranganji w’ imigenderanire ya Tanzania n’amakungu avuga ko igihugu kivyifuza gishobora kuyasinya ku giti caco.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG