Uko wahagera

Afrika y'Epfo: Ingaruka za Politike k'Ubutunzi bw'Igihugu


Ibibazo vya politike biherutse kwibonekeza muri Afrika y’Epfo vyaragize ingaruka zikomeye k’ubuzima bw’igihugu. Ikigo gisanzwe gitanga amanota ku bihugu ku vyerekeye ubutunzi, S&P Global, catangaje ko ihindurwa rya Reta ridashigikiwe na bose n’ihimirizwa ry’uko Prezida yotanga imihoho ritera ryiyongera, vyatumye icizere c’ico gihugu ku bijanye n’ubutunzi kimanuka k’urugero ruri hasi cane.

Ikigo S&P catangaje ko ingingo zafashwe na Prezida Zuma zageramiye cane iterambere ry’ubutunzi bw’igihugu.

Kur’uyu wa kabiri, umushikiranganji mushasha ajejwe ikigega, Malusi Gigaba yahumurije abanyagihugu, avuga ko mu kiringo c’uburongozi bwiwe, imigambi ya Afrika y’Epfo izobandanya uko yari itunganijwe. Yatangaje ko ubutunzi bubandanya gukomera, ibidandazwa igihugu gishorera hanze bibandanya kwiyongera, kandi ko inzego zijejwe ivy’ubutunzi mu gihugu zifashe neza.

Gigaba yavuze ko ingingo yafashwe k’umunsi wa mbere n’ikigo S&P ibabaje. Avuga ko yamara iki atari igihe co gucika intege. Akavuga ko bafise uburyo bwinshi buzotuma ubutunzi bw’igihugu butera imbere, ku nyungu ya bose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG