Uko wahagera

Siriya: Igitero c'Ivyuka vy'Ubumara Cihaye Inkumbi


Abanyagihugu bo muri Siriya bahitanywe n'igitero c'ivyuka vy'ubumara
Abanyagihugu bo muri Siriya bahitanywe n'igitero c'ivyuka vy'ubumara

Abakurikiranira hafi ibirera muri Siriya, abaserukira ibihugu vyabo hamwe n’abahinga batandukanye, bagirije igisirikare ca Reta hamwe n’abasanzwe bafasha Prezida Bashar al-Assad, harimwo n’Uburusiya ko aribo bakoze ibitero birimwo ivyuka vy’ubumara, vyabereye m’uburaruko bwa Siriya.

Ishirahamwe rihurikiyemwo abajejwe gutabara intureka m’uburengero bwa Siriya, ryatangaje kur’uyu wa kabiri ko abashika ijana bahitanywe n’ico gitero mu ntara ya Idlib, nayo abarenga amajana atatu na mirongo itanu bakaba bakomeretse. M’ubuseruko havugwa abashika ku mirongo ibiri na batanu bapfuye kubera ico gitero.

Mu gitondo co kur’uyu wa gatatu, inama y’umutekano ya ONU itegekanije guhura vyihuta kugira yige kur’ico gitero. Abagize urunani rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Siriya batangaje ko ico gitero ar’agahomerabunwa m’ukurenga amategeko mpuzamakungu, kuva intambara itangura aho muri Siriya mu mwaka w'ibihumbi bibiri na cumi na gatatu. Bivugwa ko ubwoko bw’ivyuka bwakoreshejwe butazwi neza.

Mu ntango z’uyu mwaka, ishirahamwe Human Rights Watch ryaragirije Reta ya Siriya ko ikoresha ivyuka vy’ubumara m’uturere tubamwo abayigwanya. Mwomenya kandi ko intara ya Idlib ariyo isigaye irimwo abagwanya Reta ya Assad. Abahinga ba ONU bakavuga ko iyo ntara yahungiyemwo abanyesiriya bashika ku miliyoni, abenshi mur’abo bakaba baturuka mu ntara ya Alepo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG