Uko wahagera

Abakozi 5 ba OMS Banyurujwe muri Somaliya


Abategetsi mu bumanuko bwa Somaliya bariko barondera abakozi batanu b’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS. Banyurujwe n’abikekwa kw’ari abarwanyi b’umurwi al-Shabab.

Abo bakozi bavurwako bari mu mazu yabo ku musi w’Imana igihe abantu bitwaje ibirwanisho bnjira muri ayo mazu, babafata ku nguvu babajana n’imodoka mu gice kiri kure cane.

Abo bantu batanu bose, Abasomali, bari mu gikorwa c’ishirahamwe OMS c’ugucandaga indwara y’ubukangwe. Ntaco iryo shirahamwe riravuga kw’inyuruzwa ry’abo bakozi baryo batanu.

Imbere yuko banyuruzwa, hari abantu bari bagabishije kubica mu kuvuga kw’umurwi al-Shabab udashima ivyo bariko barakora. Umurwi al-Shabab warazibiye imigambi y’ugucandaga indwara y’ubukangwe mu bice ugenzura.

Uwo murwi warakwiragije kandi urukurukuru rw’uko incandago zikreshwa mu gukingira indwara y’ubukangwe zirimwo umugera wa sida canke zitera ubugumba. Ivyo vyatumye bamwe mu bavyeyi banka kucandagisha abana babo.

Naho amashirahamwe mpuzamakungu yagerageje kuzimanganya iyo ndwara, iracabandanya kwiyadukiza muri Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG