Uko wahagera

USA: Perezida Trump Yakiye Perezida wa Misiri Abdel Fattah el-Sissi


Perezida wa Misiri, Abdel Fattah el-Sissi

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yakiye mu biro vyiwe, Maison Blanche mugenziwe w’igihugu ca Misiri, Abdel Fattah el-Sissi. Yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zishigikiye igihugu ca Misiri.

Mu nama ku musi wa mbere, i Washington, Perezida Trump yavuze ko Perezida Sissi yakoze akazi gakomeye mu gihugu ciwe mu bihe bitari vyoroshe na gato.

Yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko zongereza bikomeye inguvu z’igisirikare cazo mu gihe ziriko zirondera kurwanya bikomeye Reta ya Kiyislamu n’ugufasha ibihugu bicuditse.

Perezida Sissi, agize urugendo rwiwe rwa mbere i Washington, yarahayagije Perezida Trump kuba yiyemeje guhagana bikomeye n’iterabwoba.

Vyari vyitezwe kw’abo bategetsi babiri baganaira ikibazo cerekeye Reta ya Kiyislamu hamwe n’imfashanyo mu vy’ubutunzi igenewe igihugu ca Misiri.

Barack Obama yahoze ari perezida wa Amerika yari yahagaritse imfashanyo mu vy’ubutunzi iginewe igihugu ca Misiri, inyuma yuko igisirikare kiyobowe na Jenerali Sissi gitembagaje perezida wa mbere yari yavuye mu matora, Mohammed Morsi, mu mwaka w’i 2013.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG