Uko wahagera

Mahamadou Issoufou ati: "Sinzorenza Ibiringo 2"


Perezida wa Nijeri, Mahamadou Issoufou
Perezida wa Nijeri, Mahamadou Issoufou

Umukuru Nijeri, Mahamadou Issoufou, yatangaje ko atazigera ahindura ibwirizwa shingiro ry’igihugu ciwe kugira yiyongere ikiringo ca gatatu, mugihe ikiringo ciwe ca kabiri c’imyaka itanu kizorangirana n’umwaka w’2021.

Ivyo yabitangarije kuri televiziyo y’igihugu kur'uyu w'Imana mugihe yariko ahimbaza umwaka urangiye atorewe kurongora ikiringo kigira kabiri, ikiringo yatanguye kw’italiki ya kabiri, umwaka w’2016.

Ibwirizwa nshingiro rya Nigeri riha umukuru w’igihugu gutwara ibiringo bibiri. Perezida Issoufou, ubu afise imyaka 65 y’amavuko, mugihe yokwubahiriza ivyo, yoba abaye umukuru w’igihugu wa mbere wa Nijeri yatowe biciye muri demokarasi azoba atanze ubutegetsi mu mahoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG