Uko wahagera

Papa Fransisiko Asabira Kongo Amahoro


Papa Fransisiko, aramutsa abantu aho yariko aja i Carpi, m'Ubutaliyano mu nkuka ya misa.

Papa Fransisiko, umwungere wa Ekleziya katolika, ahamagarira amahoro muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Mu nkuka y’imisa yahereje kur’uyu w’Imana, mu buraruko bushira ubuseruko bw’Ubutaliyano, Papa yashikirije ko ababajwe n’intureka zama zahitanye ubuzima bw’inzira karengane mu ntara ya Kasayi.

Papa yateye akamo abantu bose ko gusabira amahoro abanyekongo no gusenga kugira imitima y’urwanko n’ubwicanyi y’abakora ubwo bubisha ihinduke.

Haraheze amezi atandatu har’umurwi witwaje ibirwanisho wama wihaye inkumbi mu ntara zine ziri hagati muri Kongo. Abantu bashika 400 baramaze kuhasiga ubuzima.

Ekleziya katolika muri Kongo yifatanije n’intumwa ya Papa k’umusi wa kane. Basavye abajejwe umutekano nabo nyene bama badomweko urutoke ko bazimanganya ubuzima bwa kiremwa muntu mugihe baba bariko bahiga abo barwanyi kudahitanisha n’abanyagihugu b’inzirakarengane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG