Uko wahagera

Yaciye mu Ryahume Abamunyuruje muri Somaliya


Umumenyeshamakuru w’umunya Somaliya yari yanyurujwe ku musi wa gatandatu afatiweko inkoho avuga ko yashoboye guca mu ryahumye abari banyuruje, inyuma y’aho imodoka barimwo ipfiriye.

Hanad Ali Guled yatowe ku musi wa mungu igenekerezo rya kabiri ry’uku kwezi kwa kane,ari mu murima mu gisagara ca Afgoye, kiri ku birometero 30, vy’umurwa mukuru Mogadisho. Yavuze kw’imodoka barimwo y’abo bantu bamunyuruje yapfuye igihe bariko bamukura mu kibanza kimwe bamwimurira mu kindi.

Amakuru ya mbere yari yatangajwe yavuga kw’abari bamunyuruje, bamutaye mur’uyo murima, yamara Guled yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika ko yashoboye guca mu ryahumye abari bamunyuruje. Yavuze kw’ukuboko kwiwe kw’ububamfu hamwe n’ukuguru kw’ububamfu vyari vyabohewe hamwe, kandi kw’abantu batanu aribo bamunyuruje.

Abandi babiri bagumye bacunze iyo modoka nabo ngo bariko baragerageza kuyikora igihe yaca aboneraho akanya ko kunyaga amagara, abanje kwinyegeza mu mwonga, aho yamaze iminota 30.

Guled yavuze kandi ukuntu abo bantu bari bamunyuruje baciye baja kumurondera bagana inzira itariyo, maze nawe agaca ahunga.

Abapolisi bashoboye kumubaza ibibazo imbere y’uko ajanwa mu bitaro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG