Uko wahagera

Somaliya: Reta Nshasha m'Urugamba rwo Kurwanya Ruswa


Prezida Mohamed Abdullahi Farmajo wa Somaliya
Prezida Mohamed Abdullahi Farmajo wa Somaliya

Umushikiranganji wa mbere mushasha wa Somaliya, Hassan Ali-Khaire, yatangaje ko agiye guhimiriza Reta arongoye mu gikorwa co kugwanya ruswa mu gihugu, asezerana kandi ko ingendo nk’iyo itazokwihanganirwa n’ubutegetsi bushasha bwa Somaliya. Ivyo Ali-Khaire yabishikirije mu gihe hari ibisikanya ry’uwahora ar’umushikiranganji ajejwe ikigega n’uwugiye kuramutswa ubwo bushikiranganji muri Reta nshasha.

Somaliya imaze hafi imyaka cumi iri mu bihugu biza imbere m’ukurya ruswa, aho ingendo ya ruswa n’ikimenyane vyabaye nk’umuco mu bice vyose bigize igihugu. Umushikiranganji wa mbere mushasha akaba yaragabishije bikomeye abagize inama nshikiranganji yiwe.

K’umunsi wa kane, mu nama yabo ya mbere y’abashikiranganji, umushikiranganji wa mbere yabasavye kwerekana amatungo yabo, mu ntumbero yo guhindura ingendo yo kurya ruswa.

Omar Osman, umushikiranganji ajejwe gutamatumanako amakuru yabwiye Ijwi rya Amerika ko iyo ngingo ifata kandi abakozi ba Reta, mu ntumbero yo gucungera ko ata ruswa bariko bararya.

Iruhande y’ivyo, iyo Reta iriko iragwana n’uruzuba rubangamiye abanyagihugu, hamwe n’imigwi y’iterabwoba ikorera aho muri Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG