Uko wahagera

Amerika Iragiriza Uburusiya ku Bitero muri Ukraine


Rex Tillerson, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n'ayandi makungu, mu nama ya OTAN, I Buruseri, m'Ububirigi.
Rex Tillerson, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n'ayandi makungu, mu nama ya OTAN, I Buruseri, m'Ububirigi.

Reta irongowe na Prezida Donald Trump wa Amerika irabandanya gusatira Uburusiya, ku bijanye n’ingendo yabwo ku gihugu ca Ukraine. Ivyo vyatangajwe n’Umushikiranganji ajejwe imingederanire ya Amerika n’ayandi makungu, Rex Tillerson, mu nama yarimwo kur’uyu wa gatanu, ya OTAN, i Buruseri m’Ububirigi.

Tillerson yagirije Uburusiya ko bwarengeye akarimbi Ukraine. Yabwiye kandi bagenzi we bahurikiye mw’ishirahamwe OTAN ko gukorera hamwe bizofasha mu gikorwa co guhagarika intureka ziterwa n’Uburusiya muri Ukraine.

Imvugo ya Tillerson kur’uyu wa gatanu ikaba yar’inyuranye n’iyo yakorersheje mu minsi yahera, inyuma y’umubonano yari yagiranye n’umuhsikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburusiya, Serguei Lavrov. Tillerson yari yatangaje ko Amerika yipfuza kwumvikana n’Uburusiya kubijanye n’amasezerano ari hagati ya Ukraine n’Uburusiya.

Nikki Haley, aserukira Amerika muri ONU nawe nyene yaratumye urutoke Uburusiya ku bijanye n’ibitero vyayo muri Ukraine. Uwundi yagirije Uburusiya ni Jim Mattis, umushikiranganji w’umutekano wa Amerika.

Alexey Pushkov, umushingamateka m’Uburusiya, yatangaje k’urubuga rwiwe rwa twitter ko atanezerejwe n’ivyashikirijwe n’abategetsi ba Amerika. Mbere akavuga ko Reta nshasha ya Amerika ataho itaniye n’iyahahora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG