Uko wahagera

Abahinga ba ONU Batowe ar'Ibiziga Muri Kongo


Abahinga ba ONU Zaida Catalan (i bubamfu) na Michael Sharp (i buryo), banyurujwe itariki 12 z'ukwa gatatu, 2017. Batowe ar'ibiziga mu ntara ya Kasayi yo hagati muri Kongo.

Muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, k’umunsi wa kabiri haratowe ibiziga vy’abantu batatu bari mu gikorwa co gutora umuti hagati y’imigwi igwana. Michael J. Sharp, yar’umunyamerika, Zahida Catalan yaturuka mu gihugu ca Suede, hamwe na Betu Tshintela yarajejwe kubasobanura ururimi. Batowe mu kinogo bari barahamwemwo, mu ntara ya Kasayi yo hagati, mu ntango z’uku kwezi guheze kwa gatatu.

Sharp na mugenzi we Catalan bari basanzwe ar’abahinga bakorera Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU. Bari mu gikorwa co gutohoza ahaturuka amafaranga afasha imigwi y’abagwanyi n’aho iyo migwi ikura ibigwanisho. Intumbero yabo ikaba yar’iyo kwiga nimba ibihano vyatanzwe na ONU kur’iyo migwi bifise ico vyashitseko, m’ukubuza iyo migwi hamwe n’abasirikare ba Reta gucukura ubutare bidaciye mu mategeko.

Abo bakozi ba ONU banyurujwe itariki cumi na zibiri z’ukwezi kwaraye guheze kwa gatatu. Reta ya Kongo ikaba yaciye itangaza bukeye ko abo bahionga ba ONU baguye mu minwe y’imigwi y’abitwaje ibigwanisho.

Igihugu ca Kongo gicumbitswemwo n’utugwi twinshi tw’abagwanyi n’abandi bitwajwe ibigwanisho, binyegeje mu mashamba, babeshejweho n’urudandaza rw’amabuye y’agaciro, nk’umujumpu, inzahabu na diama. Abashoferi batatu bari kumwe n’abo bakozi ba ONU bakaba bataramenyekana irengero ryabo gushik’ubu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG