Uko wahagera

AFRIKA Y'EPFO Ihindurwa Ry'abategetsi N'ingaruka Yaryo


Umushikiranganji wa Afrika y'Epfo ajejwe ikigega Pravin Gordhan yaraye akuwe muri reta ya Perezida Zuma
Umushikiranganji wa Afrika y'Epfo ajejwe ikigega Pravin Gordhan yaraye akuwe muri reta ya Perezida Zuma

Ikurwa mu kazi ry’umushikiranganji ajejwe ikigega muri Afrika y’epfo, Pravin Gordhan, mw’ihundurwa rya Reta ryabaye ku musi wa gatanu ntiryakiwe neza mu mugambwe uri ku butegetsi, African National Congress, ANC.

Perezida wa Afrika y’epfo, Jacob Zuma yagenye abategetsi bashasha 20 muri Reta yiwe. Iyo ngingo yatumye ifaranga ry’igihugu ritakaza agaciro bikomeye kandi haba ivyagirizo kw' ariko ashira imbere umuco wa ruswa.

Gwede Mantashe, umunyamabanga mukuru w’umugambwe ANC, avuga kw'atangazwa n'uko abashikiranganji batarangura neza akazi kabo bagumye mu mabanga yabo.

Avuga kw’adashimishijwe n’ingingo y’ugukura umushikiranganji ajejwe ikigega, Pravin Gordhan, mu mabanga yiwe.

Gordhan yabonwa n’abantu benshi kw’ari umutegetsi arangura neza amabanga yiwe.

Yar' amaze amezi atari make atumvikana na perezida Zuma ku bijanye na ruswa yavugako yahindutse umuco muri Reta.

Yar' ashigikiwe n’abanyamitahe bo mu mahanga, abanyafrika y’epfo basanzwe batari bake n’abagize uruhara rukomeye mu kurwanya intwaro kadyanishamiryango (apartheid).

Gordhan yaharanira ikoreshwa neza ry’amafaranga ya Reta n’ukurwanya ruswa.

Yamara abacuditse na perezida Zuma bamwangirije ko yabaye intambamyi ku migambi yiwe y’uguhindura bikomeye imigambi igenewe kurwanya ikibazo c’uburinganire bufatiye kw’ibara ry’urukoba.

Umugambwe ANC waratakaje icizere mu banyagihugu mu myaka irangiye bivuye ku vyagirizo vya ruswa, ubushomeri bwiyongeye bikomeye mu gihugu n’ibibazo vy’ubutunzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG