Uko wahagera

Koreya y'epfo: Park Geun-hye Yahoze Ari Perezida Yahagaritswe


Park Geun-hye, ari hagati kw'ifoto, ariko ava muri sentare inyuma yuko yumvirijwe n'abashikirizamanza ku murwa mukuru wa Koreya y'epfo, Seoul
Park Geun-hye, ari hagati kw'ifoto, ariko ava muri sentare inyuma yuko yumvirijwe n'abashikirizamanza ku murwa mukuru wa Koreya y'epfo, Seoul

Abategetsi b’igihugu ca Koreya y’epfo bahagaritse uno musi ku wa gatanu mu masaha yo muri ico gihugu, perezida Park Geun-hye ku vyaha vya ruswa n’ugukoresha ububasha ahabwa n’amategeko mu nyungu ziwe.

Sentare nkuru yo ku murwa mukuru wa Koreya y’epfo, Seoul, yasohoye umutahe w’uguhagarika, Park Geun-hye ku vyaha vya ruswa, gukoresha ubutegetsi mu nyungu ziwe, n’ukumena amabanga ya Reta. Uwo mutahe wasohowe inyuma yuko yumvirijwe mu kiringo kikekire ku murwa mukuru, Seoul uno musi ku wa kane.

Park Geun-hye yagirijwe ko yarekuriye umugenzi kwaka amafranga amasosiyete mu kuyemerera impera z’ubutegetsi.

Park yarahakanye ivyo vyagirizo. Agize uwa gatatu mu bahoze ari abakuru b’igihugu bahagaritswe bagirizwa ivyaha.

Park Geun-hye yavuye ku butegetsi inyuma yuko inama nshingamateka ifashe ingingo y’ukumukura ku butegetsi kw’italiki cumi z’ukwezi kwa gatatu. Amatora mashasha y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’italiki icenda z’ukwezi kwa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG