Uko wahagera

USA: Trump Azokwakira Xi Jinping w'Ubushinwa


Ibiro vya perezida wa Reta zunze Ubumwe za Amerika vyemeje uno musi ku wa kane ko perezida w’Ubushinwa, Xi Jinping azogendera Amerika mu biganiro na perezida Donald Trump kw’italiki zitandatu z’ukwezi kwa kane.

Itangazo ry’ibiro vya perezida, Maison Blanche, rimenyesha ko mu bizokwihwezwa harimwo ibibazo biraje ishinga Amerika n’Ubushinwa.

Trump yariko yiyamamariza kuba perezida, yaridoze akatari gake ku nyifato y’Ubushinwa ku bijanye n’ubudandaji. Yaragabishije gushira amatagisi akomeye ku bidandazwa bivuye m’u Bushinwa, n’ukuvuga kw’ico gihugu gikina n’ifaranga ryaco mu kutarireka ngo ryerekane agaciro karyo k’ukuri.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Rex Tillerson yaragendeye Ubushinwa mu ntango z’uku kwezi mu mugambi w’ugutegura urugendo rwa perezida Xi Jinping.

Mu nama yagiranye na perezida Jinping, Tillerson yamubwiye ko perezida Trump yiteguriye gukomeza ukwumvikana hagati y’Amerika n’Ubushinwa.

Trump azokwakira Xi Jinping mu kibanza ciwe c’ukuruhukiramwo ca Mar-a-Lago muri Reta ya Florida.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG