Uko wahagera

Putin Yipfuza Kubonana na Trump


Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin ashikiriza ijambo mu nama mpuzamakungu mu Burusiya.
Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin ashikiriza ijambo mu nama mpuzamakungu mu Burusiya.

Perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin yatangaje ko yipfuza kubonana na perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump.

Ivyo yabishikirije kur’uyu wa kane mu nama y’ugufashanya hagati y’ibihugu bigize akarere ka Arctic, Putin na perezida w’igihugu ca Finland, Sauli Niinisto batangaje ko bifuza inama nkiyo.

Putin avuga kw’Uburusiya bufise abagenzi benshi i Washington, kandi kw’imigenderanzire hagati y’Uburusiya na Amerika izomera neza kurushiriza.

Perezida Putin yarahakanye ko hari uruhara urwarirwo rwose yoba yaragize mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mwaka uheze muri Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Yamenyesheje kw’ivyagirizo vy’uko Uburusiya bwisutse mu matora yo mu mwaka uheze muri Amerika ar’ibinyoma n’agasomborotso.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG