Uko wahagera

Ibisasu Vyishe 3 Bikomeretsa Abandi 7 muri Somaliya


Ikirimba c'umukuru w'igihugu muri Somaliya
Ikirimba c'umukuru w'igihugu muri Somaliya

Abantu bashika indwi bakomerekejwe n’igisasu catewe ku kirimba c’umukuru w’igihugu muri Somaliya. Ivyo vyabaye kur'uyu wa kane mugihe reta nshasha iheruka gushingwa yari mu nama yayo yambere. Ivyo vyashikirijwe n’ababibonye hamwe n’abategetsi bajejwe umutekano.

Umwe mu bategetsi bajejwe umutekano atashimwe ko izina ryiwe rimanyekana yabwiye Ijwi ry’Amerika ko mur’ico gitero co kur’uyu wa kane abakenyezi batatu bari mu bakora ku kirimba bakomeretse.

Abandi bantu bashika batatu bishwe n’igisasu catewe ku mihana y’abasivile baba hafi y’ikirimba.Nta muhari uriyitirira ico gitero, ariko al shabab niwo uzwi gukora ibitero nk’ivyo muri Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG