Uko wahagera

Guterres: "Abasivile muri Iraki Bakwiye Gukingirwa"


Antonio Guterres, ibubamfu, abonana n'umukuru w'inama nshingamateka ya Iraki, Salim al-Jabouri, iburyo.
Antonio Guterres, ibubamfu, abonana n'umukuru w'inama nshingamateka ya Iraki, Salim al-Jabouri, iburyo.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Antonio Guterres, ari mu rugendo mu gihugu ca Iraki, avuga ko gukingira abasivile mu gisagara ca Mosul ar’ikintu bategerezwa gushimikirako cane kurusha ibindi.

Inyuma yuko ashitse ku murwa mukuru wa Iraki, Bagdad, Guterres yabonanye na perezida wa Iraki, Fuad Masum, umukuru w’inama nshingamateka ya Iraki, Salim al-Juburi n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Ibrahim al-Jaafari.

Baganiye ukugene ibintu vyifashe ku bijanye n’abanyagihugu mu gikorwa c’inteko za Reta c’ugutuza Reta ya Kiyislamu mu gisagara ca Mosul.

Vyari bitegekanijwe kandi ko Guterres agirana ibiganiro n’umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Haider al-Abadi imbere yuko aja mu ntara itwarwa n’Abakurde mu buraruko bwa Iraki.

Abasivile barenga ibihumbi amajana atanu bavurwa ko bakiri mu bice biri mu minwe ya Reta ya Kiyislamu mu gisagara ca Mosul. Benshi muribo bakoreshwa na reta ya Kiyislamu nk’inkinzo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG