Uko wahagera

Amerika Yahagaritse Guhiga Joseph Kony


Africa Kony
Africa Kony

Igisirikare c’Ubuganda gitangaza ko umufasha wa Joseph Kony, umukuru w’umuhari urwanya Reta, LRA yishikanye.

Abategetsi ba gisirikare c’Ubuganda batangaje kur’uyu wa kane ko Michael Omona, ajejwe itangazamakuru rya Kony yishikanye muri Republika ya Centrafrika. Omona yar’amaze imyaka 23 muri LRA, umuhari yinjijwemwo ku nguvu m’umwaka w’1994.

Ivyo bibaye inyuma y’umusi umwe Reta zunze ubumwe z’Amerika itangaje ko igiye kuzokurayo abasirikare bayo bariko barondera gufata Kony.

K’umusi wa gatatu, igisirikare c’Amerika catangaje ko kizohagarika ibikorwa vy’inteko zayo yarungitse m’umwaka w’2013 guhiga abarwanyi ba LRA muri Centrafrika no gufata Kony hamwe n’abandi bategetsi bawo.

Kony, asanzwe aronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha kuvyaha vyo mu ntambara n’ivyaha vyo guhohotera kiremwa muntu, gushik’ubu ntarafatwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG