Uko wahagera

Tillerson Yitabiye Inama ya OTAN


Tillerson hamwe n'abashikiranganji ba Buraya bajejwe imigenderanire n'ayandi makungu
Tillerson hamwe n'abashikiranganji ba Buraya bajejwe imigenderanire n'ayandi makungu

Reta Zunze Ubumwe za Amerika irabandanya kwiga uburyo hoterwa intambwe mu gikorwa co gutuza abagwanyi ba Reta ya Kisilamu, no gutora umuti w’ikibazo kijanye n’impunzi. Ni mu gihe uwuramutswa departema ya Amerika, Rex Tillerson ariko arakora ingendo mur’iyi ndwi, mu gihugu ca Turukiya hamwe no mw’ishirahamwe OTAN.

Tillerson asaba ko abo bacuditse hamwe mur’iryo shirahamwe berekana uburyo butomoye bagiye gukoresha kugira bongerereze amafaranga yo gukingira umutekano. K’urutonde rw’urwo rugendo, Tillerson ategekanya kandi kuganira na bagenzi we ibijanye no gukomeza umutekano m’uturere abo bagwanyi batujijwemwo hamwe no gutahukana impunzi zituruka mur’utwo turere.

Urugendo rwa Tillerson rubaye imbere y’uko agendera igihugu c’Uburusiya. Ivyahumurije abatari bake, bivuye ko hari hatangajwe ko atazokwitabira uwo mubonano w’abanywanyi ba OTAN, kuko yategekanya mur’uwo mwanya kugendera Uburusiya.

OTAN isaba Rex Tillerson ko yogumizaho ibihano k’Uburusiya, akongera akabahumuriza ko Prezida wa Amerika atazobatera umugongo mu ntumbero yo kuja gukorana n’Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG