Uko wahagera

Koreya ya Ruguru mu Myiteguro y'Ibitero vya Nucleaire


Ikigendajuru ca misile muri Koreya ya Ruguru

Ikigo ca Amerika muri Koreya catangaje ko umurindi w’ibikorwa biri mu karere ko kugeragerezamwo ibigwanisho vya nucleaire, muri Koreya ya Ruguru, werekana ko hari imyiteguro yo kugerageza ikigendajuru kigira gatandatu.

Ivyo vyatangajwe k’urubuga ngurukanabumenyi, n’umugwi w’abahinga ukorera muri Amerika, aho washize ahabona amafoto y’ico kibanza yafashwe kw’itariki ya mirongo ibiri n'umunani z’uku kwezi kwa gatatu. Ayo mafoto yerekana uruja n’uruza rw’imiduga mur’ako karere hamwe n’ibikorwa vyo kuvoma amazi m’ukuzimu, n’ibikoresho vyo gucunga uruja n’uruza.

Mw’itangazo ryasohotse inyuma y’ayo mafoto, uwo mugwi wemeza ko ivyo bikorwa bihuye n’icegeranyo giheruka gusohoka, nubwo vyerekana umugwi munini w’abantu bari mu myimenyerezo mu kibanza c’abajejwe ibikorwa mur’ako karere. Iryo tangazo rikavuga ko ihuriro ry’abantu bangana gutyo ryaheruka kuboneka itariki zine z’ukwezi kwa mbere, m’umwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na gatatu, rikaba ryaciye rikurikirwa n’ibitero vya nucleaire vyabaye itariki cumi na zibiri z’ukwezi kwa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG