Uko wahagera

Ubushinwa Bwahagaritse Urudandaza rw'Amahembe y'Inzovu


Amahambe y'inzovu, muri Kenya
Amahambe y'inzovu, muri Kenya

Igihugu c’Ubushinwa catangaje ko kigiye kwugara amahinguriro akora urudandaza rw’amahembe y’inzovu, kur’uyu wa gatanu, itariki ya mirongo itatu na rimwe. Ivyo ngo biri m’umugambi wa Reta wo guhagarika urwo rudandaza hagati mu gihugu. Umugwi ujejwe gukingira inzovu muri Kenya uvuga ko iyo ngingo iza yaragize ingaruka.

Uwo mugwi umenyesha ko m’Ubushinwa igiciro c’amahembe y’inzovu cagabanutse gushika ku bice mirongo itandatu kw’ijana, mur’iyi myaka itatu. Mu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na kane, ikiro c’ayo mahembe cari ku madolari ibihumbi bibiri n'ijana. Nayo mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka akaba yarageze ku madolari amajana indwi ku kiro.

Reta y’Ubushinwa yasohoye iryo tegeko mu mpera z’umwaka uheze, ikavuga ko izokwugara amahinguriro n’amaduka yose atabifitiye uburenganzira. Ikigo kijejwe guhanahana iguranana ry’inzovu kivuga ko Ubushinwa aribwo bwa mbere m’urudandaza rw’amahembe y’inzovu.

Ivyegeranyo vyasohotse bivuga ko mur’iyi myaka ya nyuma inzovu ibihumbi n’ibihumbi zishwe k’urugero rw’ibice mirongo itatu kw’ijana mu mashamba cimeza ya Afrika, hagati y’umwaka w’ibihumbi bibiri n'indwi n’ibihumbi bibiri na cumi na kane. Ingingo Ubushinwa bwafashe yo guhagarika urwo rudandaza ikaba yarashimishije abatari bake.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG