Uko wahagera

Gushingura Kathrada Vyavuyemo Kwamagana Zuma


Amaziko uno musi ku wa gatatu ya Ahmed Kathrada, yagize uruhara rukomeye mu kurwanya intwaro karyanishamiryango ya Apartheid muri Afrika y’epfo yahindutse imyiyerekano y’ukwiyamiriza perezida Jacob Zuma, yari yankiwe kuza ku maziko yiwe.

Umuryango wa Ahmed Kathrada, umwe mu bantu bari bageye cane rwose Nelson Mandela mu rugamba rw’ukurwanya intwaro ya Apartheid yitavye Imana ku musi wa kabiri afise imyaka mirongo umunani n’indwi, wasavye ko Zuma ataza ku maziko yiwe.

Icegera ca perezida, Cyril Ramaphosa, abagize Reta, n’abahoze ari abakuru b’igihugu b’inyuma y’intwaro ya Apartheid nibo bari ku maziko ya Ahmed Kathrada.

Imbere yuko yitaba umuremyi, Kathrada ntiyari yashimishijwe n’ukugene abanyepolitike muri Afrika y’epfo bananiwe mu mabanga yabo. Yari yasavye Perezida Jacob Zuma gutanga imihoho kubera reta ayoboye yananiwe gushira mu bikorwa ivyo yeremeye abanyagihugu.

Yaranebaguye icese reta ya Perezida Zuma yagirijwe ko irangwa na ruswa, isesagurwa ry’amafaranga ya Reta n’ukuba itahinduye ubuzima bw’abirabure muri Afrika y’epfo.

Abari ku maziko ya Ahmed Kathrada, basemereye amajambo asaba Zuma gutanga imihoho. Ibiro vya Perezida Zuma vyatangaje ko yahisemwo kutaja ku maziko ya Kathrada kubera yubahirije ivyasabwe n’umuryango wiwe.

Ahmed Kathrada yari mu banywanyi b’umugambwe ANC baciriwe urubanza, bapfungirwa hamwe na Nelson Mandela mu mwaka w’i 1964.

Yitavye Imana mu bitaro mu gisagara ca Johannesburg inyuma yuko arwaye mu gihe gitoyi ahajeje kubarwa mu bwonko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG