Uko wahagera

Burundi: Itegeko ku Matagisi ku Bifungurwa Bimwe Bimwe


Ibifungurwa bimwe bimwe biva hanze y'u Burundi bigiye gukurwako amatagisi n'amakori ya duwane mu kiringo c'amezi atatu. Impinyanyuro zemeza iyo ngingo ya Leta zemejwe n'inama nshingamateka kuri uyu wa gatatu.

Umushikiranganji w’ikigega ca Leta, Domitien Ndihokubwayo yabwiye abashingamateka ko Leta ibona ko vyihutirwa gufata iyo ngingo kugira abanyagihugu baronke ibifungurwa vy’ubwoko butandukanye ku masoko.

Bamwe mu bashingamateka basanga iki kiringo cari gikwiye kugwizwa na kabiri mugihe abandi bashigikiye iciyumviro c’umushikiranganji w’ikigega ca Leta.

Inkuru iramvuye, twumvirize umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika m’u Burundi, Eloge Willy Kaneza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:59 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG