Uko wahagera

RDC: Amerika Ifise Amakenga kuri Kazoza ka Kongo


Abasenyeri ba Ekleziya Katolika muri Kongo, mu ntango y'ibiganiro hagati y'abanyepolitike, Kinshasa, RDC, italiki 8.12, 2016.
Abasenyeri ba Ekleziya Katolika muri Kongo, mu ntango y'ibiganiro hagati y'abanyepolitike, Kinshasa, RDC, italiki 8.12, 2016.

Reta zunze ubumwe za Amerika ivuga ko itewe impungenge nuko reta ya Republika iharanira demokarasi ya Congo n’urunani rw’abatavuga rumwe nayo badashobora gushira mu ngiro amasezerano bumvikanye mu kwezi kw’icumi na kabiri inyuma y’amezi y’uruhagarara.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika bwagirije impande zose ko zitashoboye kwumvikana ku vyerekeye gushira mu ngiro ibiri mu masezerano yashitsweko, harimwo kugena umushikiranganji wa mbere.

Ubwo bushikiranganji bumenyesha kw’ivyo bigeramira ivyipfuzo vy’abanyagihugu n’intambwe zimaze gushikwako. Ivyo vyatangajwe n’uwunganiye umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanzire bwa Amerika, Mark Toner.

Vyari bitegekanijwe ko Perezida wa Republika iharanira demokarasi ya Congo, Joseph Kabila ava ku butegetsi kw’italiki 19 z’ukwezi kw’icumi na kabiri igihe azoba arangije ikiringo ciwe kigira kabiri. Yamara amatora y’uguhitamwo uwuzomusubirira yarigijweyo. Perezida Kabila akaba yagumye mu mabanga yiwe.

Amasezerano hagati ya reta n’abatavuga rumwe nayo yari agenewe gushiraho ubutegetsi mfatakibanza buyobowe n’umushikiranganji wa mbere gushika amatora mashasha abe mu mpera z’uyu mwaka. Yamara impande zose ntizumvikana ku kugene zoshira mu ngiro amasezerano zashitseko.

Umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta wasavye ko haba imyiyerekano ikomeye kw’italiki 10 z’ukwezi kwa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG