Uko wahagera

Burundi: Ubushinwa Bwatanze Imfashanyo Mu Giheta


Igihugu c’Ubushinwa caronkeje imfashamyo y’umuceri imiryango ingana 839 ntahonikora yo muri komine Giheta mu ntara ya Gitega.

Iyo mfashanyo ingana itoni mirongo ibiri yahawe abasinzikajwe n’ihindagurika ry’ibihe ryatumye umwimbu uba mubi mur’iyo ntara.

Venansi Manirambona, Bulamatari w’intara ya Gitega yakengurutse iyo mfashanyo ashima n’ingene abanyagitega bifashe mu bihe vy’inzara kandi abashimira kubona bafatanye munda bagasabikanya ivyo bafise aho guhunga.

Maritino Nivyabandi, umushikirangaanji w’agateka ka zina muntu, gushigikirana no kunganisha ibitsina niwe yaserukiye reta gutanga iyo mfashanyo.

Nivyabandi, yagabishije abazohuba bagashora mw’isoko iyo mfashanyo ko bazohanwa bimwe bikomeye.

Umuhanuzi mukuru ajejwe ubutunzi mu buserukizi bw’igihugu c’Ubushinwa mu Burundi, Lu JUN yamenyesheje ko mu gutanga iyo mfashanyo, Ubushinwa bwitavye akamo katewe na Reta y’Uburundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG