Uko wahagera

Urugendo rwa Prezida wa Irani m'Uburusiya


Prezida Vladimir Putine (i buryo), Prezida Hassan Rouhani (i buryo)

M’urugendo rwiwe m gihugu c’Uburusiya, Prezida Hassan Rouhani wa Irani yateye igikumu kur’uyu wa kabiri, na mugenzi we w’Uburusiya, Vladimir Putine, ku masezerano hagati y’ibihugu barongoye. Abo bategetsi ukw’ari babiri bumvikakanye kuja hamwe bakagarukana amahoro muri Siriya, aho bamye bashigikiye Prezida Bashar al-Assad.

Ikindi bumvikanyeko n’ikijanye n’imigenderanire mishasha ku vyerekeye ubutunzi, na cane cane mu bijanye n’umuyagankuba hamwe n’amahinguriro. Prezida Putine yatangaje ko urudandaza hagati y’ivyo bihugu ukw’ari bibiri yaduze k’urugero rw’ibice mirongo indwi kw’ijana.

Mw’itangazo ryasohotse inyuma y’uwo mubonano, rivuga ko ayo masezerano y’amahoro muri Siriya asaba gushira hamwe ibihugu vy’Uburusiya, Irani hamwe na Turukiya bisanzwe bitumvikana ku bijanye n’iyo ntamabara iri muri Siriya.

Ni mu gihe Uburusiya na Irani vyamye bishigikiye Prezida Assad wa Siriya, yamara ivyo bihugu ukw’ari bibiri bikaba bitumva kumwe intererano ya Turukiya mur’ayo matati. Uburusiya buvuga ko Turukiya ifise uruhara rukomeye m’ugutora umuti w’amatati ari muri Siriya, mu gihe Irani yinuba cane iyo ntererano ya Turukiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG