Uko wahagera

Ibiziga vy'Abakozi ba ONU Vyatowe muri Kongo


Ibiziga bibiri vyatowe mu gihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Kongo, bishobora kuba ari ivy’abakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu bakora amatohoza ajanye n’agateka ka zina muntu

Umuvugizi wa reta ya Kongo Lambert Mende yabwiye Ijwi rya Amerika uyu musi ku wa kabiri kw’ibiziga bibiri vy’abazungu, umugabo hamwe n’umukenyezi, vyatowe mu ntara yo hagati ya Kasai.

Mende yavuze kw’ivyo biziga bishobora kuba ari ivy’abahinga bakorera ONU, Michael Sharp na Zaida Catalan. Abo bari bazimanganiriye mur’iyo ntara kw’igenekerezo rya 2 ry’uku kwezi kwa gatatu, bariko barakora amatohoza ajanye n’ityozwa ry’agateka ka zina muntu.

Mende yavuze kw’ikindi kiziga kigira gatatu catowe kandi ko gishobora kuba ari ic’umudereva w’abo bakozi ba ONU.

Umuvugizi wa reta ya Kongo yavuze kw’igikorwa co gusuzuma ivyo biziga kiriko kirabandanya kugira abategetsi bashobore kwemeza koko kw'ari bo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG