Uko wahagera

Abarwanyi barenga 30 ba Al-Shabab Barishwe


Abarwanyi barenga mirongo itatu b’umurwi al-Shabab wo muri Somaliya barishwe. Ibyo byabaye igihe inteko z’umuryango w’ibihugu vya Afurika n’inteko za Reta ya Somaliya zagira ibitero ku makambi abiri y’uwo murwi mu ntara ya Juba, iri mu bumanuko bw’igihugu.

Abategetsis ba Reta ya Somaliya n’abategetsi b’igihugu ca Kenya babitangaje bavuga kandi kw’ibirwanisho vy’umurwi al-Shabab navyo nyene vyasambuwe mu bitero vyabaye giturumbuka. Ivyo bitero vyatanguye ku musi wa gatandatu bibandanya gushika ku musi w’Imana hafi y’ahitwa Badhadhe.

Abategetsi ba Somaliya bavuga ko bishe abarwanyi b’umurwi al-Shabab mirongo itatu na batatu, basambura imodoka ziriko ibikoho birasa indege.

Itangazo ritandukanye ry’ubushikiranganji bujejwe kwivuba abansi bw’igihugu ca Kenya bwatangaje kw’abarwanyi b’umurwi al-Shabab mirongo itatu n’umwe bishwe mu bitero vyabaye mu ntara ya Juba. Iryo tangaza rivuga kw’ibirwanisho bitari bike vyafashwe.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Kenya Joseph Owuoth avuga kw’ico gikorwa cabaye inyuma yuko inteko z’umuryango w’ibihugu vya Afurika n’inteko za Somaliya zironse amakuru yizigiwe y’iperereza.

Perezida Uhuru Kenyatta wa Kenya, mu ndwi iheze, yatangaje kw’inteko ziwe zizova muri Somaliya igihe iterabwoba rizoba ryazimanganijwe. Yabivuze amaze kubonana na perezida wa Somaliya Mohamed Abdullahi Mohamed i Nairobi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG