Uko wahagera

Uburusiya: Abagize Imyiyerekano Batawe mu Mvuto


Alexei Navalny umukuru w'abatavugarumwe n'ubutegetsi bw'Uburusiya afashwe n'igipolisi i Moscou, ukwezi kwa gatatu, italiki 26, 2017.

Reta zunze ubumwe z’Amerika yaneguye ifatwa ry’abantu baharurwa mu majana m’Uburusiya kur’uyu w’Imana bagirizwa gutunganya imyiyerekano batabironkeye uburenganzira.

Abo bantu bihereje amabarabara mu bisagara bitari bike m’Uburusiya biyamiriza Perezida Vladimir Putin.

Iyo myiyerekano yatunganijwe n’umukuru w’abatavugarumwe n’ubutegetsi m’Uburusiya Alexei Navalny.

Navalny yatumyeko iyo myiyerekano inyuma y’aho asohoreye raporo muntango z’uku kwezi kwa gatatu yagiriza umushikiranganji wa mbere w’Uburusiya Dmitry Medvedev gusahura ubutunzi bw’igihugu akabwitirira ubw’amashirahamwe adaharanira inyungu.

Navalny, yatangaje ko afise umugambi wo kwitoza mukibanza c’umukuru w’igihugu mu matora ategekanijwe mu mwaka uza m’Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG