Uko wahagera

Misiri: Abatumye Abimukira 202 Bapfa Baciriwe Urubanza


Abantu 56 baraciriwe igipfungo c’imyaka iva ku ndwi gushika kw’icumi kur’uyu w’Imana k’uruhara bagize m’urupfu rw’abimukira 202 bapfiriye mu bwato bwibiye mw’ibahari mediterane ku nkengera za Misiri.

Kw’italiki 21 z’ukwezi kw’icenda 2016, ubwato bwo kuroba bwarimwo abimukira 450 bwaribiye muri Mediterane kunkengera z’igisagara ca Rosette muri Misiri, nkuko bimenyeshwa n’abarokotse.

Abo banyamisiri 56 bagirizwa ivyaha vy’ubwicanyi, kutitwararika abantu, gukoresha ubwato budakwije amategeko no gufasha abimukira muburyo buciye kubiri n’amategeko.

Benshi mubarokotse mur’iryo sanganya barimwo abanyamisiri, abanyasudani, abanyaeritreya, abanyesiriya n’abanyetiyopiya, nkuko vyashikirijwe n’ishirahamwe ryita ku mpunzi n’abimukira OIM.

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku mpunzi HCR gitangaza ko gushika kw’italiki ya 24 z’uku kwezi kwa gatatu 2017, abimukira bashika 593 bamaze gupfa bariko bagerageza kujabuka ibahari mediterane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG