Uko wahagera

USA: Itegeko ryo kwivuza 'Obamacare' rigiye kubandanya rikora.


Trump Congress

Prezida wa reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump yasavye abayobozi b’umugambwe w’abarepublika gukura itegeko ritegekanya ukugene abanyamerika bivuza mu nama nshingamateka. Aho hari ku musi wa gatanu aho vyari bitegekanijwe ko amatora aba kugira iryo tegeko ryemezwe canke rihagarikwe. Ukwo gusokora iryo tegeko vyakozwe mugihe Trump yasanze ata majwi akwiye ryoronka kugira rirengane.

Trump yavuze ati: twari hafi cane kugira dukwize amajwi akanewe kugira iryo tegeko rya teguwe n’umugambwe uri kubutegetsi rishobore gutogwa kandi risubirire iryateguwe n’uwahoze ari prezida Barack Obama, haciye imyaka indwi.

Umukuru w’inama nshingamateka, Paul Ryan yari amaze imisi akora adahengeshanya kugira reta ya Trump ishigikirwe bihagije. Kuba basokoye iryo tegeko mu nama nshingamateka, n’agahombo kadasanzwe kuri Ryan na prezida Trump.

Inyuma yaho bakuye iryo tegeko mu nama nshingamateka, Ryan yavuze ko bagiye kuba barakorera kw’itegeko abo mu mugambwe w’abarepublika batazira “Obamacare” ryari rihasanzwe, rikaba ryateguwe kuntwaro ya prezida Obama.

XS
SM
MD
LG