Uko wahagera

Sudani mu Buyobozi bw'Ishirahamwe Rirwanya Ubumara


Igihugu ca Sudani catowe kwunganira ubuyobozi b’urwego nshingwabikorwa rw’ishirahamwe rijejwe kuziririza ibirwanisho vyicisha imyuka y’ubumara.

Iyo ngingo irateye amakenga abitegereza ibintu, bafatira kuri raporo yo mu kwezi kw’icenda mu mwaka uheze yasohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu, Amnesty International.

Reta ya Sudani yagirizwa kuba yakoresheje ibirwanisho vyicisha imyuka y’ubumara ku banyagihugu bo mu ntara ya Jebel Mara mu ntara ya Darfur kuva mu kwezi kwa mbere gushika mu kwezi kw’umunani mu mwaka w’i 2016.

Iyo raporo ivuga kw’abantu bagera ku majana abiri na mirongo itanu harimwo abana bashobora kuba barapfuye bahitanywe n’ibitero bikoresheje ibirwanisho vyicisha imyuka y’ubumara, abandi amajana n’amajana barakomereka.

Mu kwezi kw’icenda mu mwaka uheze, ishirahamwe rijejwe kuziririza ibirwanisho vyicisha imyuka y’ubumara, ryarasohoye itangazo rivuga ko iryo shirahamwe rizi ivyerekeye raporo ya Amnesty International, kandi ko rizokwihweza amaraporo n’ayandi makuru yose ahari afise akamaro.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Sudani, Ibrahim Ghandour ariyamiriza ivyagirizo vyuko Reta y’igihugu ciwe yakoresheje ibirwanisho vyicisha imyuka y’ubumara mu ntara ya Darfur. Atangaza kw’ishirahamwe, Amnesty International ryasohoye raporo y’ibinyoma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG