Uko wahagera

Prezida wa Somaliya Arasaba Imfashanyo Amakungu


Prezida Uhuru Kenyatta wa Kenya (i buryo). Prezida Mohamed Abdullahi Mohamed wa Somaliya (i bubamfu)
Prezida Uhuru Kenyatta wa Kenya (i buryo). Prezida Mohamed Abdullahi Mohamed wa Somaliya (i bubamfu)

Prezida mushasha wa Somaliya, Mohamed Abdhullahi Mohamed yateye akamo amakungu, asaba ko yofasha igihugu ciwe m’ukugwanya ikiza c’inzara kiriko kiribonekeza aho muri Somaliya. Prezida Mohamed yatangaje ko hafi igice c’abanyagihugu bo muri Somaliya bugarijwe n’ubukene bw’ibifungugwa, nayo ibice cumi na bitanu kw’ijana bakaba bariko barahangana n’ikiza c’inzara.

Ivyo Prezida Mohamed yabitangarije mw’ividewo yasohotse i Nairobi, muri Kenya, aho avuga ko ibihe abanyagihugu biwe bariko baracamwo bitoroshe na gato. Prezida Mohamed avuga kandi ko ibihe vy’imvura vyegereje bishobora gusongera isibe mu kugwiza indwara y’amacinya.

Ikiza c’inzara giheruka muri Somaliya cabaye mu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na rimwe, aho cahitanye abantu bashika ku bihumbi amajana abiri na mirongo itandatu. Muri kino gihe, abakeneye imfashanyo baharugwa mu miliyoni zitandatu. Akamo katewe amakungu gasaba amafaranga angana n’imiliyoni amajana umunani na mirongo ibiri na zitanu z’amadolari. Gushik’ubu ibice mirongo itatu kw’ijana y’ayasabwa akaba ariyo amaze gutangwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG