Uko wahagera

Uwakoze Igitero c'i Londres Yamenyekanye


 Abapolisi mu matohoza y'ahabereye igitero i Londres, mu Bwongereza k'umusi wa gatatu.
Abapolisi mu matohoza y'ahabereye igitero i Londres, mu Bwongereza k'umusi wa gatatu.

Igipolisi co mu gisagara ca Londres, camenye umuntu yakoze igitero c’ejo ku musi wa gatatu hafi y’inama nshingamateka y’Ubwongereza. Gitangaza ko yitwa Khalid Masood.

Masood afise imyaka 52 muri iki gihe, yakuviye mu gisagara ca Londres, yari azwi n’igipolisi ku vyaha yari yegetsweko imbere yaho, harimwo gutunga ibirwanisho bicira umuriro. Yamara ntiyari bwagirwe n’ivyaha vy’iterabwoba.

Reta ya Kiyislamu yiyitiriye ico gitero cabaye ejo ku musi wa gatatu hafi y’inama nshingamateka y’Ubwongereza mu gisagara ca Londres. Ico gitero cahitanye abantu batatu, kirangira igihe umupoisi yarasa uwari yagize ico gitero.

Itangazo ryasohotse mw’itororokanirizo ry’amakuru rya Reta ya Kiyislamu rivuga ko uwagize igitero c’ejo ku musi wa gatatu mu gisagara ca Londres, yari umusirikare wa Reta ya Kiyislamu. Yamara Reta ya Kiyislamu ntiyavuze nimba yarafashije mu gutegura n’ugushira mu bikorwa ico gitero.

Reta ya Kiyislamu yavuze ko uwagize igitero co ku musi wa gatatu yitavye akamo uwo murwi w’iterabwoba wateye k’ukugira ibitero ku basivile n’igisirikare mu bihugu bicuditse n’urunani ruyobowe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika rujejwe kurwanya Reta ya Kiyislamu.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May, mu vyo yashikirije inama nshingamateka ku vyerekeye igitero co ku musi wa gatatu, yatangaje kw’umuntu yagize ico gitero yavukiye mu Bwongereza. Yarigeze gutohozwa n’ibiro bijejwe iperereza vy’Ubwongereza, MI-5 ku mpungenge ku vyerekeye n’ivyiyumviro vy’intagondwa.

Yamara avuga kw’ata makuru y’iperereza bari bafise imbere yaho ku vyerekeye imigambi yiwe canke impamvu ku gitero co ku musi wa gatatu. Theresa May yatangaje ko abajejwe itohoza bibaza ko yisunze ivyiyumviro vy’intagondwa z’Abayislamu.

Igipolisi co mu Bwongereza cahagaritse bantu umunanai ku bijanye n’igitero co ku musi wa gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG