Uko wahagera

Abantu 8 Baramaze Gufatwa Bagirizwa Igitero c'i Londres


Igipolisi c’Ubwongereza camenyesheje ko kimaze guhagarika abantu umunani bagirizwa kugira uruhara mugitero cabaye hafi y’inama nshingamateka I Londres, k’umusi wa gatatu cahitanye abantu batatu.

Mark Rowley, arongoye igisata kijejwe kurwanya iterabwoba mugipolisi co k’umurwa mukuru Londres, yavuze ko abo bantu bafashe mw’isakwa ryakozwe kungo zitandatu kandi ko n’abandi bakironderwa. Ariko ntiyatomoye uruhara abo bafashwe bafitaniye n’ico gitero.

Rowley yavuze ko abantu 29 bariko baravurwa kandi ko indwi muri bo bababaye cane. Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Teresa May yarashimiye abagenzi b’Ubwongereza aho bari hose kw’isi bagaragaje ko bifatanije n’Ubwongereza mur’ivyo bihe bigoye.

Yatangaje ko abo ico gitero cibasiye bagizwe n’abenegihugu b’Ubufaransa, Romaniya, Koreya y’Epfo, Ubudagi, Polande, Irelande, Ubushinwa, Ubutaliyano, Ubugiriki, na Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Ibikorwa vy’Inama nshingamateka vyabandanije kur’uyu wa kane, bitanguriwe no gufata umunota umwe wo kwibuka abapfiriye mur’ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG