Uko wahagera

Prezida Trump Yabonanye n'Abashingamateka b'Abirabure


Abashingamateka b'abirabure m'umubonano wa Prezida Trump.
Abashingamateka b'abirabure m'umubonano wa Prezida Trump.

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yagiranye umubonano na bamwe mu banywanyi bakomeye b’inama nshingamateka b’abirabure. Uwo mubonano ubaye inyuma y’amezi abiri, abashingamateka b’abirabure basavye inama na Prezida Trump.

Imbere y’uko iyo nama itangura, Prezida Trump yabwiye abamenyeshamakuru ko mu gihe c’imyiyamamazo, yasezeranye ko azokwitaho kurusha ubuzima bw’abirabure. Prezida Trump yahayagije ivyaranguwe n’abirabure mu buzima bw’igihugu, avuga ko ukwizera n’ubutwari bwabo, hamwe n’ubuhinga m’utugenegene, ubuvuzi n’ibindi vyatumye igihugu giter’imbere. Yamara abo bashingamateka batangaje ko babwiye Prezida Trump ko imigambi yiwe ar’iyizohohotera ubuzima bw’abirabure aho yobafashije.

Cedric Richmond, umwe mur’abo bashingamateka yatangaje ko yabwiye Prezida Trump ko abanywanyi b’umuryango wiwe, mbere n’abanywanyi mu matora, bari bamubujije kuza mur’uwo mubonano bivuye ko bafata ko ar’amajambo gusa atagira ibikorwa.

Mu matora yashikanye Prezida Trump k’ubutegetsi, abirabure ibice umunani kw’ijana nibo bamutoye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG