Uko wahagera

Zimbabwe: Abanyepolitike Basaba Ceni Gukinjura


Abatavuga rumwe n'ubutegetsi mu myiyerekano imbere y'ibiro vy'umugwi ceni.
Abatavuga rumwe n'ubutegetsi mu myiyerekano imbere y'ibiro vy'umugwi ceni.

Muri Zimbabwe, imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi yatangaje ko itizeye umugwi ceni, ujejwe gutunganya amatora, ategekanijwe kuba mu mwaka uza w’ibihumbi bibiri na cumi n'umunani. Iyo migambwe isaba ko hashigwaho urwego mpuzamakungu kugira abe arirwo rutunganya ayo matora.

Iyo migambwe irongowe na Morgan Tsvangirai, yahoze ar’umushikiranganji wa mbere, yatunganije ikoraniro ry’abantu bashika ku majana atanu, kur’uyu wa gatatu. Ni mur’iryo koraniro abo banywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi batangarije ko amatora atazoburamwo impari, ari hamwe umugwi ceni udakinjuye.

Iryo koraniro ribaye inyuma y’aho umugwi ceni usabiye Reta irongowe na Prezida Robert Mugabe kugura ivyuma biyometrike bizokoreshwa mu matora y’umwaka uza. Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi ikavuga ko guhindura ibikoresho bitemewe n’ibwirizwa shingiro.

Abanywanyi b’iyo migambwe bashikirije urwandiko umugwi ceni, rwo kuwiyamiriza. Abagize umugwi ceni barabonye n’abanywanyi bose b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, yamara uwurongoye ceni, Rita Makarau, yatangaje kur’uyu wa kabiri ko batemera ibisabwa n’iyo migambwe. Akavuga ko badashobora kwakira ibirego bitarivyo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG