Uko wahagera

Tillerson: "Amakungu Ariyunze mu Kurwanya Iterabwoba"


Sekreteru wa Reta w'Amerika Rex Tillerson yugurura inama y'abashikiranganji baserukira ibihugu birwanya Iterabwoba mpuzamakungu, Washington, D.C., March 22, 2017.

Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Rex Tillerson yatangaje ko politike y’Amerika ar’ugusambura n’ugusangangura umuhari w’iterabwoba wa reta ya Kiyisilamu, ariko yongerako ko bizoshoboka ar’uko ibihugu bifashanya mur’urwo rugamba bitanze intererano y’amafaranga n’ibikoresho nkuko bavyemeye.

Tillerson yabitangaje kur’uyu wa gatatu mu nama iriko ihuza ibihugu 68 vyagize urunani m’urugamba n’umuhari wa reta ya kiyisilamu. Yavuze kandi ko urwo runani rushize hamwe kugira ruhagarike umugambi w’iterabwoba mpuzamakungu.

Deparotema ya reta y’Amerika itangaza ko intumbero y’iyi nama ar’ukwihutisha utwigoro tw’amakungu two gutsinda umuhari wa reta ya Kiyisilamu mu duce usigaranye muri Iraki na Siriya no kwongereza ibitero kuyandi mashami yawo n’abakorana nabo.

Iyi nama niyo ihuje ivyo bihugu vyose biri hamwe kuva m’umwaka w’2014.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG